[Kirundi] Uburyo abapanze boshobora kuziganya umuyagankuba n’amazi
Publisher
Date
Type
Topic
Si nkenerwa ko uba ufise inzu rwawe kugira ushobore kubone inyungu ivuye mukuzigama umuyagankuba n’amazi. Abanyagihugu batatu muri bane barapanze, n’ubwo hari ivyo mutohindura mu nzu mupanze, murashobora kugabanya amahera muriha umuyagankuba n’amazi kandi mugakingira ibidukikije, n’ubwo mutokoresha ibibaho bibika umuyagankuba w’izuba canke amatangi yo kubika amazi y’imvura. Kandi, ingingo mwofata zo kubungabunga umuyagamkuba n’amazi zifatira kungene mukora udukorwa dutoduto twa minsi yose kandi atamahera mutanze.
Ni mwaba mupanze mu kiringo gito canke kinini, hari ibintu vyoroshe kandi bizimbutse mwokora kugira mugabanure umuyagankuba n’amazi mukoresha bigatuma muziganye amadolari menshi mu mwaka kandi mutigomwe kumererwa neza canke ubuzima bwiza.
Uburyo bwo guziganya umuyagankuba
Gukoresha umuyagankuba neza bisigura gukoresha umuyagankuba muke mugabo uriko urakora ibintu bimwe, no kumererwa neza. Geregeza ibi bikurikira mu kugabanya umuyagankuba mukoresha mu rugo n’amahera muriha.
- Chagura ibikoresho bikoresha umuyagankuba muke. Ibikoresho vyo mu rugo bitwara ibice 30 kw’ijana vy’umuyagankuba ukoreshwa mu rugo, ibikoresho rero mukoresha n’ingene mubikoresha biraterera mu kugabanya umuyagankuba mukoresha n’amahera muriha. Ni mugure ibikoresho vyo mu rugo, muzogure ibikoresho bikoresha umuyagankuba muke. Raba Energy Rating Label kugira umenye ko bikoresha umuyagankuba muke—yenyeri nyinshi zisigura ko ushoroba kuziganya umuyagankuba mwinshi n’amahera menshi.
- Kubungabunga ibidukikije. Ibice 40 kw’ijana vy’umuyagankuba ukoreshwa mu mihana ukoreshwa mu gushusha canke gukanyisha. Mu gihe gikanye, shira igikoresho gishusha mu bipimo 18–20°C. Mu ci, shira igikoresho gikanyisha ku bipimo 25–27°C. Gushira igikoresho gishusha canke gikanyisha ku pikimo 1 hejuru (canke hasi) birafasha mu kuziganya umuyagankuba ukoreshwa mu gushusha canke gukanyisha inzu ku bice 5 gushika 10. Hamwe mwacanye igikoresho gishusha canke gikanyisha, funge imirango yi’ivyumba mutariko murakoresha.
- Gufunga imitoboro. Mu gukingira inzu yawe ubukame kandi guhagarika umwuka ushushe canke ukanye kugira ntusohoke uciye mu dutoboro, urashobora kugabanya amahera uriha umuyagankuba gushika mu bice 25. Rondera igikoresho kirimwo umusenyi (gisa n’inzoka ndende) kugira umwuka ntuce munsi y’umurango, kandi ukoreshe ibintu bikingira inzu ibihe bibi, ibikingira inzu gutwarwa n’amazi, ibibabo vyo kugira hejuru y’amazi. Baza uwo upangiye inzu mbere yo gukoresha ivyo bintu.
- Gukoresha amadirisha meza. Gabanya kwonona ubushuhe ukoresheje amarido ku madirisha. Urashobora kandi kwugurura amarido mu gihe hakanye kugira ngo izuba ryinjire mu nzu hama ugaca wugara izuba rigira rirenge. Kandi, ni vyiza gufunga amarido igihe hashushe rwose mu ci.
- Gukoresha ventilateur canke climatiseur. Ventilateur zo hajuru canke ziri hasi zikoresha isumuni rimwe kw’isaha kandi zisohora ivyuka vyonona ibidukikije bike gusumba climatiseur. Ventilateur zifasha mu gukwirakwiza impemu kandi rirafasha ibikoresho bikanyisha mu nzu no gukwirakwiza impemu zishushe mu nzu kandi zirafasha mu gushusha inzu mu gihe hakanye.
- Gukoresha amatara aziganya umuyagankuba. Ibice 12 kw’ijana vy’umuyagankuba ukoreshwa mu mihana ikoreshwa mu gucana amatara. Mu gukoresha amatara aziganya umuyagankuba no gukoresha amatara neza urashobora kugabanya mo kabiri amahera yo gucana matara. Gusimbuza amatara ashaje n’amatara masha aziganya umuyagankuba ni buryo bwiza bwo kuziganya umuyagankuba. Amatara ya CFLs akoresha ibice 20 vy’umuyagankuba amatara ya kera akoresha kandi araramba inchuro 4 gushika kw’10.
- Umuyangankuba wo kurindira. Ibikoresho byinshi, nk’akarorero chargeurs za telefone, inyijizo z’imikino, ibikoresho bitekesha umuyagankuba bibandanya gukoresha umuyagankuba n’igihe bitariko birakora. Umuyangankuba wo kurindira urashobora gushika ku bice 10 kw’ijana vy’umuyaganjuba mukoresha. Kuzimya ibikoresho utariko urakoresha vyogufasha kuziganya umuyagankuba n’amahera. Igihe igikoresho gifise agatara kariko karaka canke isaha, bisigura ko kiriko kirakoresha umuyagankuba.
- Firigo na firigo ikanyisha gose. Igipimo c’ubushuhe muri firigo gitegerezwa kuba hagati ya 3 na 5 canke 15 na 18 munsi y’ubusa. Muri gipimo munsi gisaba ibice 5 kw’ijana vy’umuyagankuba. Ongereza imikorere ya firigo yawe canke firigo ikanyisha gose mu gukuraho barafu hama ugasiga umwanya wa santimetero 5 gushika 8 aho impemu zinjirira. Hamwe mwoba mufise firigo ya kabiri, izime uyicana bikeneye gusa.
- Kumesura no kwanikira impuzu. Mu kumesesha imashini, zigama umuyagankuba n’amazi mu gukoresha amazi akanye, ni ngoga, hama mukoreshe amazi akwiye impunzu muriko muramesura kandi murindire igihe mufise impunzu nyinshi zo kumesura. Anikira impunzu ku mugozi aho kuzumesha mu mashini—nta mahera muriha.
Uburyo bwo kuzigama amazi
Gukoresha amazi neza birafasha mu kudasesagura mazi n’amahera. Hariho uburyo bwinshi bwo gukoresha amazi neza ku muhana no mu ndimiro kugira ngo mwiziganyirize amazi muri kazoza.
- Koresha ibikoresho bidasesagura amazi. Muriko muragura ibikoresho gishasha, rondera igikoresho kidasesagura amazi. Reba ahari Water Efficiency Labelling and Standards (WELS).
- Gukoresha amabomba neza. Ibomba risesagura ima rimwe k’isegonda ryonona amalitiro 12,000 ‘amazi ku mwaka. Ziganya amazi mu gusanura ibomba riva n’ingoga. Urashobora kugabanya amazi ukoresha mu gushiraho utwuma dubuza ibomba kuva. Utwo twuma turagabanya amazi yinjira kandi urashobora kudushira imbere canke hanze y’ibomba. Urabaza uvugane n’uwo upangiye mbere yo kubikora.
- Gukoresha bomba ridasesagura amazi aho bogera. Niwaba ufise amabomba ashaje, baza uwo upangiye akuronse amabomba mashasha adasesagura amazi kuko akoresha igice kimwe muri bitatu vy’amazi kandi urashobora kuziganya amadolari 160 ku muyagankuba n’amazi.
- Gukoresha mazi mu kazu ka sugumwe Mu gukoresha amazi mu kazu ka sugumwe, koresha inusu y’amazi aho bikwiye. Hamwe uwo upangiye yoba ariko arahindura igikoresho gisuka amazi mu musarani , mwomusaba ko akoresha ikidasesagura amazi kuko gishobora kuziganya amalitiro 55 ku muntu ku munsi. Hamwe vyoba bitoshoboka, urashobora kugura igikoresho kunguruza amazi canke ushire akacupa kuzuye amazi mu ndobo y’amazi kugura ngo ugabanye amazi ajamwo.
- Gabanya amzi akoreshwa mu ndimiro. Indirimo y’ivyatsi irashobora kutwara ibice 90 kw’ijana vy’amazi ukoresha mu ndimiro. Urashobora kugabanya aya mazi mu gukoresha imashini ikatira ivyatsi kuri santimetero 4 canke hejuru. Urashobora kandi kugabanya amazi ukoresha mu ndimiro mu gukoresha neza amazi kandi ugacagura ibikoresho bidasesabura amazi.
Ivyofasha abapanze
Kuvugana n’uwo upangiye canke uwupangisha amazu
Gusanura bisaba uruhusha (n’amahera) uwo upangiye. Buri leta n’intara bifise amategeko atandukanye ku bapanze, utegerezwa gutohoza no gusaba uruhusha mbere yo gutanguta guhindura inzu.
Ibintu bimwe bimwe utegerezwa kwibuka igihe uriko uvugana n’uwo upangiye canke uwupangisha amazu mu gusaba gusanura inzu cane ni:
- Kwishura n’imfashanyo. Hariho imfashanyo nyinshi zitangwa na leta ku bantu bafise amazu kugira ngo basanure amazu yabo. Urashobora gufasha uwo upangiye kugira itohoza kandi urabe igisata cimfashanyo cacu kugira ngo urabe imfashanyo ushobora kuronka.
- Kugabanyirizwa ikori. Gusanura inzu mu buryo bukikira ibidukikije birirwa ikori. Urashobora kuraba ibijanye n’abapangisha amazu ku biro bijejwe gutoza ikori muri Australia kugira ngo umenye ibikoresho bikeneye mu rugo iwawe kandi ubarire uwo upangiye inkuru nziza.
- Inyungu yo gukoresha mahera. Mu gukoresha amahera amazu ashobora kuzigama umuyagankuba n’amazi, uwo upangiye ashobora kuduza igiciro c’inzu bisigura ko abantu bashaka kuyigura canke kuyipanga bazoyirukira muri kazoza.
Utegerezwa kusaba uruhusha uwo upangiye canke uwupangisha amazu mu nyandiko. Ni vyiza kandi kubika neza impapuro zo gusaba n’amasezerano mufitanye n’uwo mupangiye canke uwupangisha amazu kugira ngo musanure.
Uripfuza kumenya no guziganya amahera menshi?
Hariho amakuru menshi mu rurimi rw’icongereza ku bijanye gukoresha neza umuyagankuba, amazi no gutembera n’amakuru ajanye n’imfashanyo ya leta kuri www.energy.gov.au.
IIgabisho
Commonwealth ntiyemeza k’amakuru ari muri izi mpapuro ari mu rurimi yasiguwemo ko ari ay’ukuri. The Commonwealth ntiyokwemeza ko gusigura mu ndimi zindi vyakozwe neza. The Commonwealth n’abakozi bayo canke abandi bantu bakorana n’ayo ntibokurikiranwa ku ngorane yose, gutakaza ibintu canke gukoremereka bivanye no gukoresha amakuru yasiguwe mu rundi rurimi, n’aho vyoba bivuye ku gukoresha amakuru n’impanuro zatanzwe n’iki kigo.
This translation was funded as part of the Australian Government Multicultural Access and Equity policy.
Documents
Attachment | Size |
---|---|
Uburyo abapanze boshobora kuziganya umuyagankuba n’amazi [Kirundi] | 288.57 KB |