[Kirundi] Ivyiyumviro bitanu vyiza vyo kugufasha kuziganya umuyagankuba n'amahera mu nzu yawe

5 bright ideas for saving energy and money in your home
Publisher: 
Department of the Environment and Energy
Date: 
September 2018

Kubera ibiciro biguma biduga, abatari bake muri twebwe bararondera uburyo nyabwo bwo gukoresha umuyagankuba muke imuhira. Iciza kihari ni uko hariho uburyo bwinshi kandi butazimvye ushobora gutangura gukoresha ubu nyene. Ukoresheje bimwe mu vyiyumviro bikurikira, ukongera ugahindura zimwe mu ngendo wari warimenyereje, woziganya amahera kandi ugakingira n'ibidukikije ata co wiyimye.

  1. Gabanya ikoreshwa ry'amazi ashushe

    Mu ngo nyinshi, amazi ashushe yonyene atwara ibice mirongo ibiri na bitanu kw'ijana vya fagitire (vy'ibili) zose. Inzira zo kubigabanya ni nko kumesesha amazi akanye kandi ukabanza ukarindira impuzu zikagwira, gukoresha imashini yoza ibikoresho vyo mu gikoni bimaze kugwira, gushira mu bwogero ibikoresho bitwara amazi make (inyungu yavyo ica yibonekeza bidatevye), no kumara umwanya muto mu bwogero.

  2. Rondera ibikoresho ngirakamaro

    Ibikoresho vyo mu nzu biratwara hafi ica gatatu ca fagitire (c'ibili) z'umuyagankuba wose. Ushaka kugura imashini ikanyisha munzu nshasha, imbonerakure (televiziyo), imashini imesa, imashini yumisha impuzu, iyoza ibikoresho vyo mu gikoni canke akuma ko gusunika umuyaga ukanye, banza urabe ikimenyetso cerekana inguvu igikoresho ugira ugure gitwara—igifise inyenyeri nyinshi, kizoba gikoresha inguvu nke. Ibikoresho bifise inyenyeri nyinshi bishobora kugira ibiciro vyegeye haruguru gato, ariko mu gihe wocagura igikoresho gitwara inguvu nke kubera ugishimye ubuzimbuke bwaco, haheze igihe ushobora gusanga ata co wungutse.

  3. Koresha neza ibikoresho vyo mu nzu

    'Umuyagankuba wama wakije' ukoreshwa n'ibikoresho nk'ico gushusha imfungurwa, imbonerakure (televiziyo) canke ivyuma bifasha gukurikirana ingene ibindi vyuma bikora, bishobora kugutwara ibice cumi kw'ijana vya fagitire y'umuyagankuba. Igikoresho gifise agasaha canke agatara gato—kiba gikoresha inguvu. Ushobora kugabanya amahera bigutwara mu kuzimiriza umuyagankuba ku ruhome iyo ivyo vyuma bitariko birakora, wikure inyongera z'amamashini nk'icuma gikonjesha ukoresha mu nzu kandi utayakeneye, no mu kwanikira impuzu hanze zikumiraho aho gukoresha imashini yumisha.

  4. Koresha uburyo bubereye mu gushusha no gukanyisha mu nzu

    Ibikoresho bikonjesha canke bishusha biduze igipimo kimwe gusa, inguvu zikoreshwa zica ziyongera kuva ku bice bitanu gushika cumi kw'ijana. Kugira fagitire (ibili) z'umuyagankuba ntiziduge vy'umurengera, ubushuhe bugumize ku bipimo hagati ya cumi n'umunani na mirongo ibiri mu rushana, mu ci na ho ugumize ubukonje ku bipimo hagati ya mirongo ibiri na bitanu na mirongo ibiri n'indwi. Ushobora kandi kugabanya inguvu ukoresha, mu kwugara inzugi zo hagati mu nzu, no gushusha canke gukonjesha ivyumba uriko urakoresha gusa.

  5. Kuzibira imiyaga yinjira mu nzu n'iyisohoka

    Ni uburyo buzimbutse kandi bworoshe bwo kugumiza inzu yawe uko bikunogeye, kandi ukagabanya gushika ku ca kane c'ayo wahora utanga mu gukonjesha canke gushusha inzu. Kuzibira imyenge ku nkikuro z'urugi n'amadirisha, canke mu gukoresha udufuko tw'umusenyi canke utundi dukoresho dusanzwe mu kuzibira iyo myenge, ni akazi kadakeneye ubuhinga bwinshi ushobora kwigirira wewe nyene.

Urashaka kumenya ingene worwanya isesagura ry'amahera?

Ubuhinga bwinshi ku vyerekeye inguvu, umwavu, amazi, gufata urugendo rutunganijwe neza, n'inkuru ku mfashanyo itangwa na reta, ivyo vyose uzobisanga mu rurimi rw'Icongereza ku murongo wa intereneti energy.gov.au.